U Burundi ngo naho atawurwaye coronavirus arahaboneka "buriteguye"
Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'u Burundi, Gaston Sindimwo, yabwiye BBC ko ico gihugu citeguye kurwanya coronavirus naho ata wanduye uwo mugera arahaboneka.
U Burundi ni kimwe mu bihugu bike kw'isi gushika uyu munsi hataraboneka umugwayi wa coronavirus.
Ariko mu ntumbero yo kuzitira bataronerwa, leta yaramaze gufata ingingo zo gukumira ico kiza.
Muri izi harimwo guhimiriza abantu kudafata ingendo, baba abinjira mu gihugu canke abashaka gusohoka hamwe no guhagarika uruja n'uruza rw'indege mu kiringo c'iminsi indwi.
Basaba kandi abanyagihugu kwirinda kwegerana aho bishoboka, ndetse no gukoranako.
Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo yadusobanuriye ko ari nayo mpamvu mu nama nshikiranganji y'uno munsi baramukanije badakorana mu ntoke nk'uko bimenyerewe.
Yagiranye ikiganiro na Florentine Kwizera, ushobora kwumva aho hejuru.

- CORONAVIRUS: Yavuye he, ifata ite, yakwirindwa gute?
- IBINDI BIBAZO WIBAZA KURI IKI CYOREZO: Ibi ni bimwe mu bisubizo
- UMUBIRI UYIRWANYA GUTE: Abahanga bamenye uko bigenda
- DUSABWA KWIRINDA KWIKORA MU MASO: Twabigenza dute?
- WABA URI MU RUBYIRUKO? OMS ivuga ko utakwirara
- KWISHYIRA MU KATO: Ni ryari? Bikorwa gute? Bitanga iki?
