Igipolisi c’Uburundi kivuga ko babiri giheruka kwica ari ‘inkozi z’ikibi’

Pierre Nkurikiye avuga ko abajejwe umutekano barikanuye kugira bahangane n'inkozi z'ikibi izo ari zo zose
Insiguro y'isanamu, Pierre Nkurikiye avuga ko abajejwe umutekano barikanuye kugira bahangane n'inkozi z'ikibi izo ari zo zose

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'umutekano mu Burundi, Pierre Nkurikiye, avuga ko abantu babiri igipolisi giheruka kwica mu Ntara ya Bubanza ari inkozi z'ikibi zafashwe zigashaka kurwanya abapolisi.

Ku mbuga hwaniro abantu bagarutse cane kw' iyicwa ry'abagabo babiri bivugwa ko bafatanywe ibirwanisho muri komine Gihanga mu Ntara ya Bubanza.

Bwana Nkurikiye ejo kuwa mbere yabwiye abamenyeshamakuru i Bujumbura ko abo bantu ari Bigirimana Renovat na Ndayisaba Hyppolite bari mu murwi w'inkozi z'ikibi wari ugisibije mu duce tumwe tumwe tw'intara ya Bubanza.

Abantu bamwe bamwe bariyamirije ubutegetsi bw'u Burundi ko ubu ari ubwicanyi ku bantu bafashwe bagirizwa ivyaha ariko ntibashirwe imbere y'ubucamanza.

Bwana Nkurikiye yavuze ko abo bantu barashwe mu gihe bari bagiye kwereka abajejwe umutekano inkoho bakoresha mu gukora ubugizi bwa nabi butandukanye.

Avuga ati: "Bahejeje kuyerekana [inkoho] bashatse kuyihindukiriza kuri abo bajejwe umutekano kugira babice nk'uko bari bishe abandi bapolisi ba mbere. Abajejwe umutekano barivunye, abo babiri baca barahasiga ubuzima".

Bwana Nkurikiye avuga ko imbere y'aho izo nkozi z'ikibi'zari zishe abapolisi babiri mu gihe zaja gutera "ku kirindiro c'igipolisi muri zone Maramvya ya komine Mutimbuzi ku wa 19 z'ukwa gatatu" uno mwaka, banabatwara n'inkoho zabo.

Abantu benshi bagarutse kw'iyicwa ry'abagabo babiri bafashwe n'igipolisi mu ndwi iheze muri Bubanza

Ahavuye isanamu, Social Media

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi bagarutse kw'iyicwa ry'abagabo babiri bafashwe n'igipolisi mu ndwi iheze muri Bubanza

Bwana Nkurikiye avuga ko abajejwe umutekano bafashe abandi bantu bane bari basanzwe bakorana mu bugizi bwa nabi butandukanye n'abo babiri bari bishwe. Avuga kandi ko hafashwe kandi inkoho zitatu za Kalashnikov n'amasasu yazo.

Uyu muvugizi avuga ko ivyabaye bitohabwa isura ya politike, agabisha kandi ko igipolisi kitazokwihanganira umuntu wese azogerageza guhungabanya amatora yimirije yo mu mwaka wa 2020.