Isake yitwa Maurice yitwariwe muri sentare kubera uruhagarara itera iyo ibitse

Nyene iyi sake, Corinne Fesseau, avuga ko iyo sake yiwe ikora nk'ico izindi sake zose zikora: "kubika"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Nyene iyi sake, Corinne Fesseau, avuga ko iyo sake yiwe ikora nk'ico izindi sake zose zikora: "kubika"

Iyi sake nyeneyo yise Maurice yitwariwe muri sentare yo mu Bufaransa kubera uruhagarara iteye mu babanyi iyo ibitse mu gaturuturu.

Umuryango umwe w'abakukuruke uri mw'izinga rya Oléron muri ico gihugu niwo wayitwariye uvuga ko ibaterako induru.

Ku ruhande rwiwe, nyeneyo, Corinne Fesseau, avuga ko iyo sake yiwe ikora nk'ico izindi sake zose zikora: "kubika".

Hagati aho, yaba iyo sake, baba abayitwariye, nta n'umwe yarengutse mu rubanza rwabereye mu gisagara ca Rochefort kiri mu burengero bw'ico gihugu, ejo ku munsi wa kane.

Iyo sake yabaye rurangiranwa bivanye n'urwo rubanza, yafashwe mu mugongo n'abandi borozi b'inkoko bari bakinje imbere ya sentare barindiriye urwo rubanza.

Bene kwitwarira iyo sake, Jean-Louis Biron na Joëlle Andrieux, bari bubatse inzu y'ukuruhukiramwo muri Oléron, haciye imyaka 15, ariko iyo nzu ikaba yagiye guhinduka inzu y'ukubamwo bamaze gukukuruka.

Nyene iyi sake, Corinne Fesseau, avuga ko iyo sake yiwe ikora nk'ico izindi sake zose zikora: "kubika"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Nyene iyi sake, Corinne Fesseau, avuga ko iyo sake yiwe ikora nk'ico izindi sake zose zikora: "kubika"

Kimwe mu vyabatumye bacagura aho hantu, ni ingene hatekanye, ariko rero iyo sake ikaba yaje kubatera ingorane iminsi yose mu gaturuturu hageze ko ibika.

Bavuga ko iyo ngorane yatanguye kwibonekeza mu 2017 igiye umubanyi wabo, ariwe nyeneyo ayigura.

Bagiye kuvugana na nyeneyo, umupfasoni Fesseau amaze imyaka 35 aba aho hantu, induru zabaye induru, gushika aho ivyabo bivugwa cane mu binyamakuru igihe ico kibazo gishikanywe muri sentare.

Umupfasoni Fesseau n'ababanyi biwe, bavuga ko ivy'iyo sake bidakwiye kuba ikibazo kubera ubworozi bw'inkoko ari kimwe mu bigize imibereho y'abantu hagati mu gihugu.

Bavuga ko badatahura igituma uwo muryango usaba ko isake yabo yobuzwa kubika.

Ico kibazo kiracari muri sentare yiteze gutangaza ingingo izoba yafashe mu kwezi kw'icenda uno mwaka.