Sentare nkuru ya Uganda yategetse Leta kuriha amadollar arenga 6.000 nyina w'umugabo yishwe n'igipolisi

Igipolisi ca Uganda

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Indishi y'akababaro nk'iyo ntikunze kuboneka mu gihugu ca Uganda.

Ronald Bikyahaga yari yarakubiswe cane yongera arasinzikarizwa ubuzima asigwa ari ikiruruma igihe yari mw'ibohero

Mu bihumbi bibiri n'indwi amasanamu yerekanwa mu bibanza bihuriramwo abantu benshi yerekana Ronald Bikyahaga ari hanze mu gisagara, ari naho yafatiwe n'igipolisi , agakubitwa agasigwa afise ibikomere ,mu nyuma yatowe ari ikiziga mu gitondo c'umusi ukurikira.

Ico gihe umukuru w'igipolisi yari yavuze ko amatohoza mfatakibanza yerekana ko urupfu rw'uyo muntu rwavuye ku bapolisi batatu. Ivyakurikiye kuri abo bapolisi batatu ntivyamenyekanye.

Umuvyeyi w'uyo muntu Joyce Bikyahaga Namata yituye ubutungane bw'igisivile umwaka ukurikira. Yemerewe indishi y'akababaro y'amadollar arenga ibihumbi bitandatu n'amajana atanu.

Ariko vyaraboneka ko hazojamwo ingorane mu kuronka ayo mafranga

Icegeranyo c'umugenduzi akurikirana ikoreshwa ry''amafranga ya leta co mu bihumbi bibiri na cumi n'umunani cerekana ko leta iheranye amadollar hafi imiliyoni ijana na mirongo umunani.

Igipolisi ca Uganda caragirijwe ibintu vyinshi bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu.

Abashwingwamanza bavuga ko ibijanye n'impfu zibera mu mabohero y'igipolisi zidakunze gukurikiranwa kubera imiryango idashobora kuriha amafranga asabwa mu gihe kirekire imanza zimara.

Umuhisi w'uwo muvyeyi yari yashikanye iki kibazo mu butungane mu 2008.