Umushingamateka Justin Amash wo mu mugambwe w’aba Republika asaba ko Trump akurwa

Bwana Amash aragiriza umushikirizamanza wa Republika William Barr ko yabeshe abanyagihugu

Ahavuye isanamu, Ronald Grant

Insiguro y'isanamu, Bwana Amash aragiriza umushikirizamanza wa Republika William Barr ko yabeshe abanyagihugu
Igihe co gusoma: iminota 1

Justin Amash abaye umushingamateka wa mbere wo mu mugambwe w'aba Republika asavye ko umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, akurwa.

Avuga ko Bwana Trump yinjiye "mu bikorwa bidasanzwe" vyatumye "ashika aho ategerezwa gukurwa ku butegetsi".

Bwana Amash aragiriza umushikirizamanza wa Republika William Barr ko yabeshe abanyagihugu ku vyerekeye amatohoza yakozwe n'umushingwamanza adasanzwe, Robert Mueller, yerekeye uruhara igihugu c'Uburusiya cagize mu guhuvya amatora yo muri Amerika mu mwaka wa 2016.

Ayo matohoza yakozwe kuva mu kwezi kwa gatanu kw'umwaka wa 2017 gushika mu kwa gatatu kwa 2019 yategerezwa kandi kwiga isano riri hagati y'abakorana na Bwana Trump n'abategetsi b'Uburusiya.

Icegeranyo ca Bwana Mueller nta vyemezo caronse vyerekana isano riri hagati y'itorwa rya Trump n'Uburusiya.

Ariko ico cegeranyo caratoye ivyemezo 10 vyerekana ko Bwana Trump yoba yaragerageje guhuvya amatohoza.

Bwana Amash, umushingamateka yatowemu ntara ya Michigan, yavuze ivyo abicishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Yabwiye abamukurikira kuri urwo rubuga ko "ari n'abashingamateka bake basomye icegeranyo ca Mueller" kandi ko bafashe ingingo bisunze "ivyiyumviro vyabo vya politike".

Rashida Tlaib, umushingamateka w'umu democrate wo mu ntara ya Michigan asaba Bwana Amasha "gushigikira" icemezo c'uko hoba amatohoza kugira ngo Trump akurwe ku butegetsi.

Abademocrate batari bake harimwo na Elizabeth Warren barasavye ko Bwana Trump yokurwa ku butegetsi.

Inyuma y'aho hasohokeye iyo raporo, umupfasoni Warren avuga ati: " Uburemere bw'iyi nyifato igayitse busaba ko abatowe ku mpande zompi bashira ku ruhande ibibatandukanya bagakora ivyo bategerezwa gukora".

Ariko rero n'aho biri uko, uwurongoye abashingamateka benshi mu nama nshingamateka (majorite), Steny Hoyer, be n'umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi, baragabisha kuri iyo ngingo.

Bwana Hoyer yabwiye televiziyo CNN ko ugukura umukuru w'igihugu "bidakenewe". Yavuze ati: "Ni ukuri, hari amatora mu mezi 18 ari imbere kandi Abanyamerika bazoca urubanza".

Ekan na Nancy Pelosi yabwiye ikinyamakuru Washington Post ko gukura Bwana Trump "atari co gikenewe".