Se w’umudereva w’indege ya Ethiopian Airlines avuga ati “Boeing yaracerewe cane gusaba imbabazi”

Se w'umudereva w'indege ya Ethiopian Airlines iherutse kugira isanganya mu kwezi guheze kwa gatatu avuga ko "ugusaba imbabazi kwa Boeing ari ikintu gito cane kandi ko yacerewe".
Dr Getachew Tessema avuze ivyo umunsi umwe inyuma y'aho iryo hinguriro ry'indege rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryemereye ubwa mbere ko ubuhinga bw'iyo ndege buyituma idahagarara (anti-stall system) aribwo bwatunye ikoroka.
Ku munsi wa kane w'iyi ndwi, umukuru w'ikompanyi Boeing, Dennis Muilenburg, yavuze ko "ababajwe n'ubuzima bw'abantu bwhasigaye".
Yavuze ati: " Twebwe muri Boeing turababajwe n'abantu batakaje ubuzima mu masanganya y'indege za 737 kandi turiko turiko dukora tudahengeshanya kugira ngo ibara nk'iryo ntirize risubire".
Mbega se w'uyo mudereva avuga ngw'iki?
Dr Tessema agandariye umuhungu wiwe, Yared Getachew yari afise imyaka 29, akaba yari inzobere amaze kugendesha indege ku masaha arenga ibihumbi umunani.
Yared yategura kwubakana n'uwundi mudereva nyene w'indege muri uno mwaka.
Se wiwe amaze kwumva ivy'iryo sanganya, yaciye araba, ajanwa mu bitaro, kuko vyamugoye gutahura ivyari bihejeje kuba.
Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC Emmanuel Igunza ati: "Jewe ndishimira umuhungu wanje n'uyo mudereva wundi".
"Gushika ku munota wanyuma baragerageje uko bashoboye ariko biranka ko bayisubiza ku murongo".
"Simbabajwe n'uko yari umudereva w'indege. Yapfuye ari ku kazi kiwe".
Dr Tessema ata ishavu kw'ikompanyi Boeing, akibaza igituma itaciye ihagarika indege zo mu bwoko bwa 737 Max inyuma y'isanganya ryo mu gihugu ca Indonesia.
"Kubera iki baziretse zikaguruka? Kubera bariko bahiganwa n'abandi. Bashatse kwunguka vyinshi. Ubuzima bwa kiremwa muntu ntaco buvuze kuri bamwe bamwe".
Dr Tessema avuga ko ashobora kwitwara, ariko akavuga ko azorindira kugira ngo avugane n'incuti n'abagenzi imbere y'uko afata ingingo.
Iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 737 Max yakorotse haciye umwanya mutoyi ihagurutse, abantu 157 bose bari muri yo akaba ata n'umwe yarokotse.
Amatohoza y'intangamarara yatangajwe ku munsi wa kane w'iyi ndwi n'abategetsi ba Ethiopia avuga ko abadereva b'iyo ndege bakurikije "incuro nyinshi" ibitegekanijwe na Boeing imbere y'uko iyo ndege ikorokera mu bumanuko bw'umugwa mukuru, Addis Ababa.
Abadereva bariko bagerageza kugarura izuru ry'iyo ndege ryariko rimanuka bivuye kuri ubwo buryo buyituma idahagarara bwagize ikibazo.
Umushikiranganji w'igihugu ca Ethiopia ajejwe gutwara abantu n'ibintu, Dagmawit Moges, yavuze ko abadereva bagerageje gukora uko bashoboye ariko "biranka ko bagarura iyo ndege".
Iryo sanganya ryaje inyuma y'amezi atanu gusa iyindi ndege yo muri ubwo bwoko bwa Boeing 737 Max y'ikompanyi Lion Air yo mu gihugu ca Indonesia igize isanganya ryahitanye abantu 189 - naho nyene bikaba vyavuye ku ngorane z'ubwo buhinga buyituma idahagarara.










