Iyugarwa ry'umupaka hagati y'u Rwanda na Uganda ifise ingaruka zikomeye ku basanzwe bahatuye

Ibarabara ryahora ririmwo uruja n'uruza rw'imiduga risa n'irigaragara
Insiguro y'isanamu, Ibarabara ryahora ririmwo uruja n'uruza rw'imiduga risa n'irigaragara

Ukutumvikana hagati y'ibihugu vy'u Rwanda na Uganda kwatumye uruja n'uruza ku rubibe ivyo bihugu bisangiye ruhagarara, rukaba rwaragize ingaruka mbi ku buzima bw'imiryango y'ivyo bihugu vyompi.

Uko kutumvikana kwatanguye kwibonekeza haciye imyaka ibiri, ariko ibintu bikaba vyagiye kuyangara igihe u Rwanda rwugariye umupaka warwo ku musi wa gatatu w'iyi ndwi. Inzira zitatu zinjira mu Rwanda zose zirugaye.

Ivyo bihugu vyompi bibandanya vyagirizanya kwita mu biraba ubuzima bw'ikindi gihugu.

U Rwanda ruvuga ko umupaka warwo wuguruye, ariko abenshi mu bipfuza kujabuka ntibemererwa.

Ivyo biriko biragira ingaruka zikomeye ku basanzwe baba canke bakoresha uwo mupaka.

Umunyamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga akorera mu gihugu ca Uganda, yarishikiye mu karere ka Cyanika ku ruhande rwa Uganda aho yaganiriye na bamwe bu basanzwe batunzwe n'uwo mupaka.

Deo Hategeka ni umushoferi w'imodoka zunguruza abantu bita taxi aho ku musi yari asanzwe yunguka amadolari arenga gato atanu mu bikorwa vy'ukwunguruza abantu abavana ku ruhande rumwe abajana ku rundi.

Avuga ko ababajwe nuko kutumvikana hatagi y'ivyo bihugu kuko kwagize ingaruka mbi ku kazi kiwe kari kamutunze.

Bedia Nizeyimana, umudandaza akorera ku mupaka avuga ko ibutike yiwe ikora ihomba.

Akamo leta y'u Rwanda yateye abanyagihugu barwo ko kutaja muri Uganda gasigura ko ibikorwa rw'ubudandaji bica bihagarara.

Eka n'abanyagihugu ba Uganda nabo nyene baratinya kujabuka baja mu Rwanda kubera ukwo kutumvikana.

Ibintu ntivyoroshe ku bakozi batobato babayeho ku musi ku musi, nk'abikorezi, abavunjayi n'abarimyi b'abanyarwanda, kuko akazi kahagaze kuri bo.

Hariho kandi n'ikibazo c'imfungurwa.

Abanyarwanda bavuganye n'uyo mumenyeshamakuru ku ruhande rw'u Rwanda bavuga ko bari basanzwe basumira ivyo kurya nkenerwa mu karere ka Cyanika kari kuri uwo mupaka ubu wugaye.

Bavuga ko bategerezwa guca mu binywabi kugira ngo bashobore gukwepa abajejwe umutekano b'u Rwanda.

Hari kandi n'abanyarwanda bari basanzwe bajabuka kwiga mu mashure yo muri Uganda, abandi nabo bakaja kwivurizayo.

Ayo mashure n'ayo mavuriro avuga ko ibitigiri vyagabanutse cane.

Amasoko yo ku ruhande rw'Ubuganda ari mu bisagara vyegereye umupaka yari asanzwe aremwa cane cane n'Abanyarwanda. Ibikorwa bisa n'ivyahagaze kubera atabakiriya bakiva mu Rwanda bakijabuka.

Eka n'ibikorwa vy'ukwunguruza ibintu vyarakozweko n'uko kutumvikana.

Amakamyo yunguruza ibintu bija mu Rwanda no mu bihugu bihana imbibe n'ico gihugu nk'Uburundi na Republika y'Intwaro rusangi ya Kongo yaragize ingorane.

Amwe yarankiwe kubandanya, ayandi arindirizwa umwanya muremure ku biro bimwe bimwe vy'umupaka, ayandi nayo ategerezwa gufata ingendo ndende cane aciye mu karere ka Mirama muri Uganda.

Ku biharuro bitangwa n'ibanki y'isi (Banque Mondiale) mu mwaka wa 2017, u Rwanda rwagira gatanu kw'isi mu masoko ya Uganda, aho iki gihugu cashora mu Rwanda ibidandazwa biciye imiliyoni 180.

Urwanda ku ruhande rwarwo rwashora muri Uganda ibidandazwa biciye imiliyoni 10.

Abategetsi ba Uganda basaba ko ibikorwa vy'ubudandaji hagati y'ivyo bihugu bibiri vyosubira bukugururwa.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'u Rwanda, Richard Sezibera, yamenyesheje mu ntango z'ino ndwi ko leta y'ico gihugu yariko yita ku rutare kugira ngo abanyagihugu barwo ntibabure imfungurwa canke ngo ibiciro biduge.