Karidinali George Pell agiye gukurikiranwa ku caha c'ihohotera rishingiye ku gitsina

Ahavuye isanamu, EPA
Karidinali George Pell yitwariwe n'umugabo avuga ko yahohotewe n'uwo mumenyeshamana mu kibanza co kwogeramwo (piscine) muri Australia mu myaka y'i 1970.
Pell yamye ahakana ko yakoze ico caha muri "piscine" y'ahitwa Ballarat, Victoria, mu myaka y'i 1970.
Mu ndwi iheze, abashikirizamanza baramukuyeko ivyaha bimwegekwako ico gihe.
Yaciye yunguruza urubanza rwo gusaba indishi y'akababaro.
Mu kwezi kwa 12, Pell yagiriwe n'icaha co guhohotera bishingiye ku gitsina abahungu babiri i Melbourne mu 1996 ariko akaba atemeye iyo ngingo.
Ibirego vy'uko Pell yahohoteye abana b'abahungu mu myaka y'i 1970 vyashizwe mu rundi rubanza ariko rukaba rutazobandanya.
Ku munsi wa mbere, umugabo w'imyaka 50 atipfuje kumenyekana, yashingishije urubanza muri Sentare Ntahinyuzwa ya Victoria, avuga ko yahohotewe na Pell muri "piscine" ya Ballarat akiri muto.
Vyari vyitezwe ko uwo mugabo ahabwa akaryo ko gushikiriza ivyamushikiye ariko "aga mu gahundwe" abwiwe n'uwumufasha mu vy'amategeko yuko urubanza rwahagaritswe.
Lee Flanagan wo mu kigo Arnold Thomas & Becker yagize ati: "Yavuze ko vyamuciye inkokora kandi ko yarenganijwe."
Uwo mugabo yari umunyezamu wa leta igihe akoregwa ayo mabi.
Ariko ararondera indishi y'akababaro mu butegetsi bwa Victoria aho yaba ico gihe hamwe no muri diyoseze nkuru ya Melbourne.
Abaserukira Pell mu rubanza ntaco barashobora kubivugako.
Vyitezwe ko uwo mu karidinali asohoregwa ingingo
Mu mwaka uheze, sentare mpanavyaha yashikirijwe ko Pell yahohoteye abana b'abahungu babiri b'imyaka 13 kw'isengero mu 1996, igihe uwo mumenyeshamana yari musenyeri mukuru wa Melbourne.
Sentare yamwegetseko ivyaha bitanu, Pell aca arafungwa akaba azosomegwa itariki 13 Ukwezi kwa Gatatu.
Urwo rubanza rwahungabanije Ekleziya Katolika, mu gihe Pell yari mu bahanuzi bishikira ba Papa Francis.
Amakuru arambuye ku bijanye n'urwo rubanza yagumijwe mw'ibanga gushika mu ndwi iheze ku mvo zijanye n'amategeko.










