Umukuru w'igihugu ca Somalia ari mu rugendo rw'akazi mu Burundi

Ahavuye isanamu, Burundi President Office
Umukuru w'igihugu ca Somalia Mohamed Abdullahi Mohamed ari mu rugendo mu gihugu c'u Burundi aho yakiriwe na mugenziwe Pierre Nkurunziza ku kibuga c'indege ca Bujumbura kuri uno wa Mbere.
Ku rutonde rw'ibikorwa bitegekanijwe rwashikiriye bimwe mu bigo vy'itangazamakuru, umukuru w'igihugu ca Somalia, uretse kubonana n'umukuru w'igihugu, azovugana n'abarongoye igisata co kwivuna abansi.
Igihugu c'u Burundi gisanzwe gicuditse na Somalia na cane cane mu vyo kwivuna abansi mu rwego AMISOM, aho gifise muri ico gihugu abasirikare barenga 5000 bagiye gufasha gutsimbataza amahoro mw'ico gihugu.

Ahavuye isanamu, Burundi President Office
Umukuru w'igihugu ca Somalia agize urwo rugendo mu gihugu c'u Burundi mu gihe hamaze igihe hari amakuru avugwa ko inteko zabwo za gisirikare ziri muri Somalia zitegerezwa kugabanywako 1000.
Mw'ikete ry'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, u Burundi bukaba bwasabwe kuba bwagabanije inteko zabwo ziri muri Somalia ku basirikare 1000 bitarenze itariki 28 Ukwezi kwa Kabiri mu 2019.
Igihugu c'u Burundi nticemeye iyo ngingo gisigura ko abo basirikare bagabanywa ku nteko z'ibihugu vyose bifise abasirikare muri Somalia mu mugambi wa Amisom.






