Mkapa yasezereye amabanga y'umuhuza mu biganiro vy'abarundi

Umuvugizi wa Perezida Mkapa arahakana ko yatanze imihoho mu burongozi bw'ibiganiro vy'abarundi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuvugizi wa Perezida Mkapa arahakana ko yatanze imihoho mu burongozi bw'ibiganiro vy'abarundi

Uwahora ari umukuru w'igihugu ca Tanzaniya Benjamin Mkapa akaba n'umuhuza mu biganiro vy'abarundi vyo kurangiza uruhagara rwa politike igihugu kirimwo, yasezereye ayo mabanga nkuko bishikirizwa n'umuvugizi wiwe.

Urwo ruhagarara rwadutse mu 2015 inyuma yaho Perezida Pierre Nkurunziza yiyongeye ikiringo ca gatatu.

Mu kiganiro Makocha Tembele yahaye BBC Gahuza yavuze ati"Ikiringo co guhuza carangiye."

Arahakana amakuru avuga ko Perezida Mkapa yatanze imihoho.

Yavuze ati: "Ni irangira ry'ikiringo ciwe."

Yabandanije avuga ko Bwana Mkapa yashikirije icegeranyo ciwe ca nyuma mu nama iheruka y'abakuru b'ibihugu vyo mu karere mu ntango ya kuno kwezi.

Bwana Tembele avuga ko hasigaye aha Perezida wa Uganda Yoweri Museveni kubandanya ibiganiro bisigaye imbere y'amatora ategekanywa mu 2020.

Uruhagarara rwo mu 2015 rwatumye haduka indyane hagati y'inteko za leta hamwe n'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.

Niburiburi abantu 1000 barishwe muri izo ndyane zabayemwo n'ukugerageza guhirika ubutegetsi uwo mwaka nyene.

Ibiganiro bisa naho vyabaye impfagusa mu gihe leta yaguma yanka kurungika intumwa zayo mu biganiro.

Perezida Nkurunziza yavuze mu mwaka uheze ko atazosubira kwitoza ariko urwo ruhagarara ntiruratoregwa umuti.