Muri RDC ''amatora yagenze neza muri rusangi''

Ahavuye isanamu, Getty Images
Indorerezi za SADC n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Africa zivuga ko amatora muri Republika ya Demokrasi ya Congo yagenze neza.
Gutora ngo vyagenze neza uretse ahabaye utunenge dukeyi ku bikoresho canke ubugizi bwa nabi bwagiye buribonekeza hamwe na hamwe.
Indorerezi zivuga ko ahenshi ibibanza vyo gutoreramwo vyuguruye bicerewe, bigatuma haba guteba.
Zivuka ko zabonye kandi ko abantu bigishijwe neza gukoresha imasini z'amatora.
Bwari bubaye ubwa mbere zikoreshwa muri ico gihugu.
Ubumwe bwa Africa (UA) buranegura ingingo kubuza abantu kwitaba amatora mu turere twugarijwe n'indwara ya Ebola.
UA ivuga ko abanyepolitike bari kwitoza batagishijwe inama neza.
Aya niyo matora ya mbere ico gihugu gitumganije kitifashije amakungu.
Ishirahamwe SADC rifata ivyo nk'intambwe ikomeye mu nzira ya demokrasi.
Uyu munsi ugize gatatu internet yaraciwe mu gihugu.
Leta ivuga ko itumanatumana ryahagaritswe kuko ishaka kubuza ikwirakwizwa ry'ibiharuro bitari vyo kuri ayo matora.
Ibiharuro vy'imafatakibanza vy'icese vyitezwe gutangazwa itariki zitandatu uku kwezi.
Muri Republika ya Democrasi ya Congo ntiharigera haba ukubisikanya ku butegetsi mu mahoro.










