Itumanako ryacitse muri RD Congo mu gihe amajwi aharugwa ayandi arungikwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Itumanako mu buhinga bwa none ryacitse "bitegetswe na leta" muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), ku munsi wa mbere inyuma y'amatora rusangi y'umukuru w'igihugu.
Amakuru aturuka ku banyamakuru bari i Kinshasa avuga ko abashigikiye umukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi, Martin Fayulu, bavuze ko abajejwe intwaro baciye "internet" mu kurondera guhagarika "irungika ry'ivyegeranyo vy'amajwi" bishira ahabona intsinzi nini cane y'uwo mukandida.
Mu butumwa bwarungitswe n'ikigo gitanga umuhora Global cagize giti: "Mukiriya wacu, tubitegetswe na leta, itumanako rya "internet" ryahagaritswe ku kiringo kitaramenyekana."
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Uwuserukira ikigo Vodacom nawe nyene yavyemeje, abwira itororokanirizo ry'amakuru ati: "Ni leta yabiciye."
Abafise imirongo ya Airtel na Vodacom ntibashobora kuronka amakuru i Goma na Beni mu ntara ya Kivu ya ruguru, ku birometero 2000 uvuye ku mugwa mukuru Kinshasa.
No ku muhora wa Whatsapp vyari vyahagaze i Lubumbashi (mu bumanuko) ku bakoresha Vodacom.
Vodacom, Airtel na Orange nivyo bigo bikuru bikoreshwa kuri telefone ngendanwa muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo.
Umunyamabanga mukuru w'inama y'abasenyeri "Conférence des évêques" (Cenco) yavuze ati: "Ndababajwe no kwumva imbere yo kwinjira muri ino nzu ko "Internet" yaciwe."
Uwo munyamabanga niwe aherutse gutanga icegeranyo c'ingene amatora yagenze muri rusangi, ku ruhande rwa Ekleziya Katolika.
Iryo tumanako ricitse mu gihe ibitigiri vy'amatora vyariko birungikwa ku buryo bwa Twitter.










