Perezida Museveni yemereye abagwizatunga b'Abashinwa kubacungerera umutekano

Abasirikare ba Uganda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Izo nteko zigiye gukingira ivyashara vy'abashinwa ntibibwe

Perezida wa Uganda yategetse igisirikare gucungera amakompanyi y'Abashinwa kubera ubusuma bumaze imisi buyagirwako.

Ashikiriza ijambo umugwi w'abagwizatunga 120 b'Abashinwa ku munsi wa gatatu, perezida Museveni yamenyesheje ko hagiye kwongerezwa ugukizura hamwe na kamera zo gucungera umutekano.

Ubushinwa bufise imitahe myinshi muri Uganda, ariko bumaze gutakaza amahera menshi biciye mu busuma.

Leta iriko yihutira kwongereza umutekano mu gihe ubwicanyi bugenda bwiyongera hirya no hino mu gihugu.

Mw'itangazo yashikirije, perezida Museveni yavuze ati:"Kuri jewe iki kibazo kiroroshe gutorera inyishu."

Yongeyeko k'umuntu wese ajejwe umutekano azotakaza inkoho yiwe, ashobora gushikirizwa ubutungane bwa gisirikare.

Hari amakenga ko abacungera umutekano boba bafasha abaje kwiba.

Benshi mu banditse ku rubuga rwa facebook rwa perezida babaza igituma bitayeho gucungera cane amakompanyi y'abanyamahanga, ahubwo basaba leta gushigikira cane abanyamitahe b'abaganda.

Mu minsi iheze Uganda yatanguje umugwi w'urwaruka rugiye gufasha gukomeza umutekano mu gisagara ca Kampala

Ahavuye isanamu, ALLAN ATULINDA

Insiguro y'isanamu, Mu minsi iheze Uganda yatanguje umugwi w'urwaruka rugiye gufasha gukomeza umutekano mu gisagara ca Kampala

Umumenyeshamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga ari ku mugwa mukuru Kampala, avuga ko ubutegetsi bwa perezida Museveni bubangamiwe n'iyongerekana ry'ubugizi bwa nabi, harimwo ubwicanyi, ukunyuruza abantu hamwe n'ubusuma bugirwa hakoreshejwe ibigwanisho.

Mu gutorera inyishu ico kibazo c'umutekano, reta yategetse ko haba ugukizura mu ku mugwa mukuru no mu micungararo yawo, ishirwaho ry'amakamera, ishinga n'umugwi w'abanyagihugu bafise ibigwanisho wiswe Local Defence Units (LDUs)