Al-Shabab yagavye igitero ku kirindiro c'abasirikare ba Somalia

Abagwanyi ba Al-Shabab bakunze gutera ibirindiro vy'abasirikare b'igihugu canke ba Amisom

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagwanyi ba Al-Shabab bakunze gutera ibirindiro vy'abasirikare b'igihugu canke ba Amisom

Umugwi w'intagondwa z'aba Islamu, Al-Shabab wavuze ko wagavye igitero c'ubwihevyi ukoresheje imodoka ku kirindiro ca gisirikare mu bumanuko bwa Somalia

Uwo mugwi wamenyesheje ko ico gitero cahitanye abasirikare 40 b'igihugu mu buraruko bwa Kismayo, ku munsi wa gatandatu.

Ubutegetsi bwa Somalia bwo bwavuze ko hari abasirikare benshi bakomeretse, ariko ko ata numwe yapfuye.

Ico kirindiro cari kimaze umunsi umwe gitewe, umusirikare w'umunyamerika akaba ariwe yakiguyemwo abandi bane barakomereka.

Abanyamerika bari bamaze kuva kuri ico kirindiro, imbere yuko iyo modoka itezwemwo ibisasu iturika.

Abasirikare ba Amerika bakorana n'abasirikare ba Somalia hamwe n'abo mu muryango w'Ubumwe bwa Afrika mu kugwanya Al-Shabab.