Urwanda rushobora gufatirwa ibihano na Amerika kubera kombokombo

Ahavuye isanamu, AFP
Politike ya prezida wa Amerika Donald Trump "Amerika ubwa mbere" yerekeye uguhanahana ibidandazwa n'amakungu yagize ingaruka ku Rwanda, kuko hatanguje gutoza ikori ku mpuzu za kombokombo muri ico gihugu gito co mu buseruko bwa Afrika.
Iryo kori riraba impuzu za kombokombo ziva muri Amerika , aho Urwanda rwanse kwakira izo mpuzu ziva mu gihugu ca Amerika.
Ayo matati yatanguye ryari?
Mu kwezi kwa gatatu mu 2018, Amerika yahaye Urwanda imisi 60 ngo rube rwahinduye aho ruhagaze, atari ivyo bakureho ubushobozi bari barahawe bwo gushora impuzu ziva muri ico gihugu zija muri Amerika ata kori- ivyo bikaba vyari mu masezerano y'ubudandaji hagati ya Amerika na Afrika (Agoa).
Agoa ni umugambi wa Amerika w'ubudandaji ufise intumbero yo guteza imbere ubudandaji no kuzana imitahe mu bihugu bikwije ibisabwa kugira bikurweko ikori ku bidandazwa 6.500 bidandazwa muri Amerika.
"Ico prezida ashatse kwerekana n'uko ashaka gushira mu ngiro amategeko yacu kandi ko hari uburinganire mu guhanahana ibidandazwa," ni ko icegera c'uwurongoye abandaza muri Amerika, CJ Mahoney, yavuze ico gihe.
Imisi mirongo itandatu rero yarangiye.

Ahavuye isanamu, AFP
Kubera iki Urwanda rwabujije impuzu za kombokombo kwinjira muri ico gihugu?
Ico Urwanda rugamije n'ugukingira amakompanyi akora impuzu akiri mato muri ico gihugu.
Vyinshi mu bihugu vya Afrika vyarigeze kuba bifise amashirahamwe akora impuzu yifashe neza.
Ariko inyuma y'imyaka itari mike y'uburongozi bubi, ihungabana ry'amahoro, umutekano hamwe n'ihiganwa ry'ayandi mashirahamwe yo hirya no hino kw'isi, ico gisata caramerewe nabi cane.
Ivyo biragaragara mu gihugu ca Ghana, aho ubushakashatsi bwerekanye ko aho igisata c'impuzu cashirwa mu minwe y'abikorera utwabo mu myaka ya 1980, habaye igabanuka ry'akazi mu bibanza hadandazwamwo impuzu hamwe n'ikorwa ry'impuzu muri rusangi - kuva ku bantu 25.000 gushika ku 5.00 mu 2000.
Kenya yari ifise abakozi 500 bakora mu gisata gikora impuzu.
Abantu bashika ibice 67% mu bihugu vya Afrika y'ubuseruko bagura impuzu zabo ku masoko ya kombokombo, nk'uko biri mu matohoza yakozwe n'ishirahamwe ritanga imfashanyo rya Amerika, USAID.

Ahavuye isanamu, AFP
Amareta ya frika y'ubuseruko avuga ko amashirahamwe akora impuzu mu bihugu vyayo ahomba kubera izo mpuzu za kombokombo.
Kubera ivyo, mu 2015 , ibihugu vya Afrika y'ubuseruko vyaramenyesheje ko impuzu za kombokombo zitazoba zikirekuriwe kwinjira muri ivyo bihugu kuva mu mwaka wa 2019.
Urwanda rwongeyeko ko kwambara impuzu za kombokombo zikurako agateka abanyagihugu baco.
Urwanda rwongereje ikori ku mpuzu ziva hanze kuva ku madolari 0.20 gushika kuri 2.50 ku kilo kimwe c'izo mpuzu mu 2016.
Intumbero n'ukurangiza burundu impuzu za kombokombo mu Rwanda.
N'icizere kuri reta y'Urwanda ko iyo ngingo izofasha mu guteza imbere amashirahamwe akora impuzu no kugwiza akazi ku bantu barenga 25.000
Kuba impuzu za kombokombo zitakiboneka zagize izihe ngaruka ku banyarwanda?

Rulinda Elmass asanzwe adandaza impuzu za kombokombo avuga ko mu ntango z'iyo ngingo, impuzu bazironka zizimvye cane, ariko ubu nta n'izo baronka.
"Ingaruka ni nyinshi. Iduka ryanje ryahora ryuzuye impuzu, ariko ubu riragaragara, ngiye kwugara, hariho abadandaza benshi b'impuzu za kombokombo ariko ubu bimukiye muri Congo."
Uwo mudandaza yongeyeko ko, ubuzima buzimvye ari bwo butuma ibintu vyunyuka, ko rero mu gihe Amerika yoshiraho ivyo bihano, ibintu bizoba bibi gusumba.""Ntitwanse ko reta iteza imbere amashirahamwe akora impuzu, ariko aracari make, kandi vyobaye vyiza habaye ihiganwa hagati y'ayo mashirahamwe n'impuzu za kombokombo, umuntu akagura ico ashatse.











