Amerika: Umuntu umwe yishwe n'umuriro muri Trump Tower

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuntu umwe yapfuye abajejwe kugwanya umuriro w'icaduka bane na bo barakomerekera mu muriro wadutse mu nyubakwa ya prezida i New York.
Uwapfuye n'umugabo umwe yaba muri iyo nyubakwa yapfuye amaze gushikanwa kwa muganga, nk'uko abategetsi bajejwe kugwanya umuriro babivuga.
Umukuru w'igihugu wa Amerika Donald Trump arafise aho aba n'ibiro muri iyo nyubakwa.
Ariko Trump, umupfasoni wiwe Melania hamwe n'umuhungu wiwe Baron ubu bari i Washington DC.
Uwo muriro wadutse mw'igorofa ya 50, irimwo amazu abantu babamwo hamwe n'ibiro.
Icatumye uwo muriro ntikiramenyekana.
Urwo rubeya rwatanguye kuboneka muri iyo nyubakwa isaha 18:00 (2200GMT)






