Igice c'abanyagihugu ba Sudani Yepfo bageramiwe n'inzara

Ahavuye isanamu, ALBERT GONZALEZ FARRAN
Hafi y'igice c'abanyagihugu ba Sudani Yepfo bagiye kwicwa n'inzara kiretse habonetse imfashanyo, nkuko ikigo citaho impunzi co muri Norvège, "Norwegian Refugee council" kivuga.
Kivuga ko abantu barenga imiliyoni zitandatu bataronka imfungugwa, ico gitigiri ngo kigashobora kwiyongerako abantu umuliyoni mu mezi atatu ari imbere.
Ikigo "Norwegian Refugee Council" kivuga ko imfashanyo iboneka muri kino gihe ishikira abantu bake, ugereranije n'igice c'abanyagihugu bayikeneye.
Uduce tugeramiwe kurusha utundi ngo ni uturimwo ingwano, ibintu ngo bikaba vyunyuwe n'iyo ngwano imaze imyaka ine.
Ubutegetsi bwagirizwa kubuza kw'imfashanyo zija mu bibanza bimwe bimwe, mu gihe ahandi abarimyi bafise ubwoba bwo kuja mu mirima, ivyo bikaba vyatumye umwimbu ugabanuka.
Niburiburi abantu imiliyoni zibiri z'abanyagihugu bahungiye mu gihugu hagati, abandi nkabo barahunga igihugu baja kuba impunzi.
Ibitigiri vyerekana ko hari abantu benshi bakeneye imfashanyo kuruta mu mwaka uheze.
Amashirahamwe y'abagiraneza avuga ko ubwicanyi buriko buratandukira uduce twinshi tw'igihugu, mu gihe ahandi naho haguma hashika abantu bataye ingo zabo, bigatuma indya ziguma zikeha.










