Umwe mu bitavye kurahira kwa Odinga muri Kenya yafashwe

Igipolisi ca Kenya gihosha imigumuko igihe c'amatora

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igipolisi cakoreshe ibiturika mu kumena umwango wa bwana Miguna

Igipolisi muri Kenya cafashe umunyepolitike ateza amadidane yitavye ibirori vyo kurahira kw'uwutavuga rumwe na leta, Raila Odinga, yirahije nka "Perezida w'abanyagihugu".

Ababibonye bavuga ko igipolisi cakoresheje ibiturika mu kumena umwango ku nzu ya Miguna Miguna, imbere yo kwinjira bakamufata.

Raila Odinga yirahiza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Odinga yirahije nka "Prezida w'abanyagihugu"

Bwana Miguna yari amaze guhigira igipolisi inshuro nyinshi agisaba guhirahira kikamufata.

Raila Odinga avuga ko amatora yo mu mwaka uheze yibwe kugira umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta atsinde.