Diane Rwigara na bamwe bo mu rugo iwabo baraye mu mvuto

Diane Rwigara
Insiguro y'isanamu, Diane Rwigara yashatse kuja mu matora y'umukuru w'igihugu ntivyashoboka

Amafoto yaboneka ku mbuga zimwe z'itangazamakuru mu Rwanda, igihe.com na Kigalitoday.com, yerekana abapolisi burira ku rugo kwa Assinapol Rwigara, aho batwaye Diane n'abandi mu muryango.

Bivugwa ko abo basanze muri urwo rugo baciye bajanwa n'imodokari y'igipolisi ku biro vyaco bishinze amatohoza CID.

Diane n'abandi bo mu muryango wa Assinapol Rwigara, bari bamaze iminsi kuva mu ndwi iheze, bivugwa ko batazwi aho boba bari, kandi batavugana n'incuti n'abagenzi.

Video yagaragaye ku mbuga nkoranyambaga yereka Diane Rwigara ubwiwe agerageza guharira n'abapolsi bari imbere yiwe ababaza impamvu 'umuryango wiwe ukomeza guhohoterwa, aho ko yotwarwa we nyene'.

Diane Rwigara yagirizwa ko yoba yakoresheje inzandiko ziriko amazina n'imikono atahawe na ba nyene yo, igihe yariko yegeranya imikono y'amamushigikira kugira ngo abone uburenganzira bwo guhiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu.