Cardinal Pell, ajejwe ubutunzi i Vatican arakana ivyaha vyo gufata ku nguvu yagirizwa na Australia

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwujejwe ubutunzi i Vatican, Cardinal George Pell, yahakanye yivuye inyuma ko ata kibi na kimwe yakoze inyuma yo kwagirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu mu gihugu ciwe c'amamuko ca Australia.
Yidoga avuga ko babaye nk'abamwishe ahagaze mu myaka ibiri irangiye hariko haraba ayo matohoza ata ho afatiye.
Yavuze ko Papa yamwemereye akaruko kugira ashobore guhangana n'ivyo vyagiriji.
Ivyo vyaha bifatiye kuvyabaye muri kahise, nk'uko vyavuzwe n'igipolisi co mu ntara ya Victoria.
Ivyo vyamuvuzweko n'abantu batari bake nk'uko bishikirizwa n'icegera c'umukuru w'igipolisi Shane Patton.
Cardinal Pell w'imyaka 76 akorera i Vatican, afatwa nk'umunyacubahiro agira gatatu mu butegetsi bw'ico gihugu.
"Ndi umwere kuri ivyo vyaha. Ni ububeshi. Ivyo bivugwa vyo gufata abantu ku nguvu n'ugushaka kuncafuza."
Ishengero katolika irya no hino kw'isi yagiye iragirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu mu myaka iheze vyakozwe n'abapatiri, kandi ko vyagiye birenzwako uruho rw'amazi.










