Ubuzima bwa Fidel Castro mu mafoto

Amwe mu mafoto yerekana ubuzima bwa Fidel Castro, umugabo yatwaye Cuba mu kiringo kigera hafi ku myaka 50.

Amajambo ari kw'ifoto yo mu gitabo co kwinjira mw'ishure rikuru mu 1945 ya Fidel Castro, avuga ko yari: " Umunyeshure w'akarorero, akaba n'umunonotsi akomeye. Azwi cane. Azokwiga amategeko kandi ata nkeka ko azogira kazoza keza."

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Fidel Castro yavutse mu 1926 ku mutunzi w'umurimyi w'ibikaju. Yagiye muri politike akiri muto.
Fidel Castro ariko ashikiriza ijambo abamushigikiiye kuwa 08/01/1959 kw'ikambi ya gisirikare ya Batista ya Columbia izwi kw'izina rya Ciudad Libertad.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'imyaka 2, apfunzwe yagirizwa gutegura gutembagaza ubutegetsi, yarahunze aja muri Mexique. Yagarutse mu 1956 umuhari wiwe utangura gushinga imizi. Castro yahavuye afata ubutegetsi muri Cuba kw'itariki ya mbere y'ukwa mbere mu 1959, akuye Fulgencio Batista.
Fidel Castro asinvye ava ku kimodoka ca gisirikare ashitse Giron, muri Cuba, hafi ya Bay Of Pigs

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Mu 1961, Castro yayoboye ingabo ziwe zahanganye n'impunzi 1,500 z'abanya Cuba. Izo mpunzi zari zishigikiwe n'igisata c'ubusumyi bw'urusaku bw'Abanyamerika CIA, zasesekaye muri Bay of Pigs zije gusenyura ubutegetsi.
Perezida John Kennedy avuga ku bigwanisho vya missiles vyari muri Cuba kuwa 01/11/1962.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Amageragezwa kumbure akomeye kurusha ayandi yaje kuri Castro mu 1962, aho perezida Kennedy wa USA yamugabisha gukura ibisasu vya missiles vy'Abarusiya muri Cuba.
Fidel Castro kw'ifoto yo mu kwa gatanu mu 1963 afatanye ukuboko n'umukuru wa leta zunze z'aba Sovietes Nikita Khrushchev, igihe yari mu rugendo i Moscow

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Amaherezo, umukuru w'icari Leta zunze Ubumwe z'aba Sovietes Nikita Khrushchev na Castro bakuyeho ivyo bisasu, impungenge z'intambara y'ibisasu vya nucleair ziba ziragabanutse.
Fidel Castro ariko akina baseball kw'ishure ry'inderabigisha rya Sierra Maestra muri Cuba

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Fidel Castro yarakunda cane urukino rwa baseball. Hano yariko akina kw'ishure ry'inderabigisha muri Sierra Maestra mu 1962.
Perezida wa Cuba Fidel Castro ariko ashikiriza ijambo ishirahamwe ry'abakozi CTC kuwa 28/01/1990 muri Havana

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abenshi mu banya Cuba babona Fidel Castro nk'umuntu atwaza igitugu.
Abasozi bo muri Cuba bavuye ku nkengera za Havana

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Abenshi barahunze Cuba baja muri Amerika, kenshi bakoresha ubwato buto buteye impungenge
Castro mu biro vyiwe muri Havana yitegereza amafoto y'igihe c'ihinduramatwara yo mu 1959; Copyright Burt Glinn / Magnum Photos

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu, Ariko Fidel Castro yagumye ashigikiwe n'igitigiri gikwiye c'abanyagihugu, bituma aba mu bategetsi bake bo kw'isi batwaye igihe kire kire
Fidel Castro ariko yumviriza inama hagati ya perezida wa Cuba Raul Castro n'uwa Venezuela Hugo Chavez i Havana, kuwa 18/06/2008.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amaze kubagwa mu nda mu 2006, yashikirije ububasha bwo kurangura amabanga asanzwe mu gihugu murumunawe Raul . Kuva ico gihe yabonetse gake cane, kugeza atanze imihoho mu 2008.
Fidel Castro ashikiriza ijambo kw'itariki 03/09/2010 kuri kaminuza ya Havana.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kw'icenda 2010, Fidel Castro yashikirije ijambo abari mw'ikoraniro, ubwa mbere mu myaka ine yari iheze adakunze kuja ahabona. Iryo ryari rimwe mu majambo yagiye ashikiriza kuva yongeye kuboneka mu kwezi kw'indwi mu 2010, inyuma yo kuvugwa indwara yari yamufashe mu nsogi. Yagaragaye ubwa nyuma mu birori vy'isabukuru yiwe yo guhimbaza imyaka 90 y'amavuka mu kwezi kw'umunani.