Covid-19: Muri Botswana habonetse abantu ba mbere bayanduye

Botswana

Ahavuye isanamu, Britanica Inc

Umukuru w'igihugu ca Botswana ahamagarira abanyagihugu gushira umutima mu nda inyuma y'aho ico gihugu gitangarije abantu ba mbere banduye umugera wa coronavirus.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri ico gihugu, Lems Kwape, yatangaje ko hari ingenzi zitatu - babiri bavuye muri Thailand uwundi mu Bwongereza - bapimwe bagasanga baranduye uwo mugera.

Perezida Masisi amenyesha ko igihugu ciwe cari cariteguye guhangana n'uwo mugera, kandi ko categekanije uburyo bwo gukingira abanyagihugu.

Botswana cari mu bihugu bike vya Afrika bitari bwigere vyandukirwa n'uwo mugera ruhonyabantu, hampande ya Lesotho, amazinga ya Comores, Sierra Leone, Sudani y'Epfo, u Burundi na São Tomé et Príncipe.

Perezida Masisi asaba abanyagihugu gukurikiza ingingo zo kwikingira uwo mugera zishobora gutangazwa umwanya uwo ari wo wose n'abajejwe amagara y'abantu.

Leta imenyesha ko umukuru w'igihugu ahava ashikiriza ijambo kuri uno munsi wa kabiri.

Ku mugabane wa Afrika, hamaze kwibonekeza abanduye uwo mugera bashika 5319, muri bo 330 bakaba bamaze gukira, nayo 174 bakaba baritavye Imana.

Afrika y'Epfo nico gihugu gifise abantu benshi banduye uwo mugera muri Afrika, bashika ku 1,326 , muri bo 31 barakize, nayo batatu bakaba bamaze gupfa.