Tanzania: Perezida Magufuli yatanze ikigongwe ku bapfungwa barenga 5000

Perezida John Magufuli ni we yari arongoye ibirori vy'ukwibuka umunsi w'ukwikukira kw'ico gihugu ejo ku wa mbere

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Perezida John Magufuli ni we yari arongoye ibirori vy'ukwibuka umunsi w'ukwikukira kw'ico gihugu ejo ku wa mbere

Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli yagiriye imbabazi abapfungwa barenga 5000 mu ntumbero y'ukugabanya ubwinshi bwabo mu mabohero.

Bwana Magufuli yatangaje iyo ngingo ejo ku wa mbere mu gihe ico gihugu cariko kirahimbaza imyaka 58 kimaze cikukiye.

Yategetse ko abapfungwa 5533 batangura kurekurwa uno munsi ku wa kabiri.

Ni igitigiri kitari bwabeho c'abanyororo bahawe imbabazi, kikaba kingana n'ibice 15% vy'abapfungwa bose mu gihugu.

Perezida Magufuli ati: "Bamwe muri aba bapfunzwe kubera udukosa duto duto nko kwiba inkoko, gutukana, gushwana n'umukunzi, mu gihe hari n'abandi bapfunzwe barenganijwe".

Ati: "Hagati aho, bamwe bapfunzwe kubera babuze abababuranira mu manza zabo, mu gihe hari n'abandi batojwe amande ariko bakananirwa no kuyariha".

Haraciye amezi make Bwana Magufuli agendeye ibohero ryo mu ntara ya Mwanza mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzania, aho yasanze igitigiri c'abanyororo kirengeye kure cane ico ryategerezwa kwakira.

Yaciye ategeka ko abo bose bamaze igihe kirekire bapfunzwe ariko bataracirirwa urubanza barekurwa.

Muri abo bagiriwe imbabazi harimwo abari baciriwe umunyororo w'umwaka umwe, be n'abandi bari basigaje umwaka umwe ngo umunyororo wabo urangire.

Perezida Magufuli yamenyesheje ko abanyororo 35,803 ari bo bapfungiwe mu mabohero atandukanye mu gihugu cose, kandi ko abarenga igice muri abo bakirindiriye gucirwa imanza.