Aba kurde bashitse ku masezerano n’igisirikare ca Syria mu kurwanya Turkiya

Abaharurwa kuri mirongo baramaze gusiga ubuzima mu bitero vyatanguye ku wa gatatu w'indwi iheze ku barwanyi b'aba Kurde muri Syria

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abaharurwa kuri mirongo baramaze gusiga ubuzima mu bitero vyatanguye ku wa gatatu w'indwi iheze ku barwanyi b'aba Kurde muri Syria

Aba kurde muri Syria bavuga ko leta y'ico gihugu yemeye kurungika abasirikare ku mupaka wo mu buraruko bw'ico gihugu kugira ngo bahagarike ibitero vya Turkiya.

Imbere y'aho, iradiyo ya leta ya Syria yari yatangaje ko abasirikare b'ico gihugu bari bamaze kurungikwa mu buraruko.

Ivyo bibaye inyuma y'aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika zifatiye ingingo y'ugukura abasirikare bari basigaye muri ako karere kubera ibintu bitari vyifashe neza kuri bo.

Ibitero vya Turkiya vyatanguye mu ndwi iheze, bifise intumbero yo kwomora abarwanyi b'aba Kurde ku mupaka Turkiya ihana na Syria.

Hari ubwoba ko umurwi Etat Islamique ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu ushobora gusubira kuvyuka kubera iyo ntambara.

Ejo ku wa Mungu, abategetsi b'aba kurde bamenyesheje ko hari abantu bo mu miryango y'abahoze ari abarwanyi batorotse bava mw'ikambi imwe yo muri ako karere mu gihe intambara zariko zirabica bigacika.

Ayo masezerano avuga iki?

Ubutegetsi bw'aba kurde busanzwe burongoye akarere k'uburaruko bwa Syria buvuga ko kimwe mu vyo bumvikanye ari uko igisirikare c'ico gihugu kizorungika ingabo ku rubibe rwose gihana na Turkiya.

Izo ngabo zizotegerezwa gufasha abarwanyi b'aba Kurde bahurikiye mu muhari Syrian Democratic Forces (SDF) mu guhangana "n'ivyo bitero.

Zizobafasha kandi kubohoza uturere igisirikare ca Turkiya n'abacangero babo cigaruriye", nk'uko uyo muhari wabimenyesheje mw'itangazo wasohoye.

Iryo tangazo ryongera ko y'uko ayo masezerano kandi ari "inzira yo kubohoza n'ibindi bisagara bigisigaye mu minwe y'igisirikare ca Turkiya".

Ntibiramenyekana neza ivyo leta ya Syria yoba yiyemeje muri ayo masezerano.

Ibitero vy'igisirikare ca Turkiya ku ba Kurde bo muri Syria vyatanguye inyuma y'aho Perezida Trump wa Amerika afatiye ingingo yatangaje benshi y'ugukura abasirikare ba Amerika mu buraruko bwa Syria.

Umunyamabanga w'ukwivuna abansi wa Amerika Mark Esper yamenyesheje ko ico gihugu cakuye abasirikare baco 1000 mu buraruko bwa Syria inyuma y'aho baronkeye amakuru ko Turkiya yariko itegura kwinjira hagati muri Syria.

Mu gihe avuga ko ibintu "bitari kworoha" muri ako karere, Bwana Esper yavuze ko umuhari SDF wariko urondera "kugiriranira amasezerano" na leta ya Syria hamwe n'Uburusiya kugira ngo bashobore guhangana n'ibitero vya Turkiya.

Abandanya avuga ko ivyo vyari butuma abasirikare ba Amerika bisanga bari mu menyo y'ingwe, "hagati y'ibisirikare bibiri bikomeye bidahuza nayo".

Haciye amasaha makeya Bwana Esper avuze ivyo, Syria yaciye ivuga ko irungitse ingabo mu buraruko "kugira ihangane n'ivogera ryakozwe na Turkiya". Ntibiramenyekana neza ibice izo ngabo zarungitswemwo.

Ivya Etat Islamique bizoherera he?

Intambara zatandukiriye uburere burimwo amakambi apfungiwemwo abahoze ari abarwanyi ba Etat Islamique.

Amira, Heba na Hamza ntibagira ayo bacira n'ayo bamira, bipfuza gusubira i muhira, mu Bwongereza
Insiguro y'isanamu, Amira, Heba na Hamza ntibagira ayo bacira n'ayo bamira, bipfuza gusubira i muhira, mu Bwongereza

Ubwoba bw'uko ingabo z'aba kurde zishobora kunanirwa n'ugucungera abapfungwa ba Etat Islamique bwavuye ku vyamenyeshejwe n'abarongoye ikambi ya Ain Issa.

Aba bamenyesheje ko hafi abantu bashika 800 bo mu miryango y'abarwanyi mvamahanga ba Etat Islamique batorotse.

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu muri Syria, Syrian Observatory for Human Rights (SOHR), rivuga ko abantu bashika 100 batorotse iyo kambi, ariko atawuramenya iyo bagiye.

Iyo kambi icumbikiye abantu bashika ibihumbi 12 bataye izabo, mu minsi iheze ikaba yaharurwamwo abagore n'abana mvamahanga bashika 1000 bari bafitaniye isano n'abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu.

Umuhari SDF uvuga ko muri kino gihe ufise impfunga zirenga ibihumbi 12 zikekwa ko ari abanywanyi ba Etat Islamique zipfungiwe mu mabohero indwi, kandi ko muri abo abashika 4000 ari abanyamahanga.

Umuhari Etat Islamique wariyitiriye ibitero vy'ubwiyahuzi biherutse, ni mu gihe ku munsi wa gatandatu naho watangaje ko ugiye gutangura urundi rugamba.

Turkiya imenyesha ko yiyemeje kubazwa abapfungwa ba Etat Islamique izobona muri iyi ntambara.