Abantu 28 bahitanywe n’isegenya abandi umuliyoni barahungishwa mu Bushinwa

Abajejwe ubutabazi babandanya ibikorwa vyo kurokora abahuye n'isegenya Lekima

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi babandanya ibikorwa vyo kurokora abahuye n'isegenya Lekima

Abantu bashika 28 baramaze gupfa abandi bashika umuliyoni barata izabo kubera isegenya yiswe Lekima mu gihugu c'Ubushinwa, nk'uko bimenyeshwa n'ibinyamakuru vya leta.

Abategetsi bavuga ko abapfuye bahitanywe n'ibihomoka vyavuye kuri iyo segenya, abandi icumi babuzwe irengero.

Mu gatondo ko ku wa gatandatu, niho iyo segenya Lekima yashika mu karere ka Wenling kari hagati ya Taiwan n'igisagara ca Shanghai.

Ibinyamakuru vya leta bitangaza ko igihomoka c'inkorabara cabaye mu karere ka Wenzhou, hafi y'aho iyo segenya yinjiriye, bivuye ku kidengeri c'amazi kivuye kuri yo.

Lekima iriko itera ija amaja mu buraruko iciye mu ntara ya Zhejiang; intara ya Shanghai ifise abantu barenga imiliyoni 20 ikaba igeramiwe.

Iyo segenya yarasenyaguye ibiti inatuma umuyagankuba ucika ahatari hake.

Abajejwe ubutabazi babandanya bagerageza kurokora abazibiriwe mu bihomoka vy'inyubakwa zabomaguriste.

Aho i Shanghai, abategetsi bakaba bahagaritse ingendo z'indege zishika ku gihumbi, be n'ingendo z'amatereni mu kwitegurira guhangana n'iyo segenya.

Inzira yitezwe gufatwa isegenya Lekima
Insiguro y'isanamu, Inzira yitezwe gufatwa isegenya Lekima

Vyitezwe ko ico gihuhusi kiza gushika muri iyo ntara cagabanuye umurindi, ariko kigashobora gutuma haba imyuzurira.

Mu ntara ya Shanghai, abantu bagera ku bihumbi 250 bahungishijwe, abashika ku bihumbi 800 bo mu ntara ya Zhejiang ihana urubibe nabo bakaba bariko barimurwa.

Muri ako karere, abagera ku miliyoni hafi zitatu nta muyagankuba bafise kubera inkingi ziwutwara zahenaguritse, nk'uko bibandanya bivugwa n'ibinyamakuru vya leta.

Lekima ni isengenya imwe iva ku mvura yitwa typhon irangwa muri kino gihe mu karere k'uburengero bw'ibahari Pasifike (Ocean Pacifique).

Eka n'igihugu c'Ubuyapani naco nyene kirashobora guterwa mu minsi iri imbere n'iyindi segenya yitwa Krosa iva kuri iyo mvura nyene, nk'uko bivugwa n'abahinga b'ikirere.