Abantu 55 bahitanywe n'amakimbirane ashingiye kw'idini i Kaduna muri Nigeria

Ikibombe cibasiye abakristu mu 2012
Insiguro y'isanamu, Indyane hagati y'abakristu n'aba Isilamu zatanguye kera mu ntara ya Kaduna

Indyane zaturutse ku mpari mw'isoko zahitanye abantu 55 mu ntara ya Kaduna iri mu buraruko bw'igihugu ca Nigeria, niko Perezida Muhammadu Buhari yavuze.

Urwaruka rw'aba Isilamu n'Abakirisu rwatanye mu mitwe ku mpari ziturutse mu batwara inkorofani, mu gisagara ca Kasuwan Magani.

Uwurongoye igipolisi mu ntara yavuze ko hari abantu 22 bafashwe, inyuma y'urwo ruhagarara.

Ubutegetsi bwaciye bushinga umukwabu muri ico gisagara.

Igihugu ca Nigeria kirakunze kwadukamwo indyane zishingiye ku madini.

Umuvugizi mu biro kwa perezida Garba Shehu yarungitse ubutumwa ku buryo bwa Twitter, avuga ko Bwana Buhari atewe amakenga n'ingene abanyagihugu bakunze guca baja mu ndyane igihe cose habaye impari.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Mu gihe ata mwumvikano ubonetse hagati y'imiryango, "imirimo yacu ya minsi yose izogora kurangura," niko perezida yavuze.

Yasavye abarongoye imiryango guhimiriza abanyagihugu bakarekuriranira no kwirinda impari zituma haduka ubwicanyi.