Amasanamu ya Festival Amahoro mu gisaga ca Bujumbura mu Burundi

Amasanamu y'ukuntu vyari bimeze kuri Stade Prince Louis Rwagasore mu giteramo c'umuziki Festival Amahoro mu gisara ca Bujumbura

Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Umwiteguro kuri Stade Prince Louis Rwagasore
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Umwiteguro watanguye kare kuri Stade Prince Louis Rwagasore
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Master Land n'umugwi wiwe
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Abatimbo (abavuzi b'ingoma z'ikirundi) bo muri komine Buyenzi bari baserutse kuryosha ibirori
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Bernard Ndoricimpa (i buryo) na Alfred Nyandwi (i bubamfu) bazwi cane mu ndirimbo "Nkundabantu"
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Bernard Ndoricimpa, aririmbana na Alfred Nyandwi bazwi cane mu ndirimbo "Nkundabantu"
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Abantu bari benshi kuri Stade Prince Louis Rwagasore, baje kuraba igiteramo Festival Amahoro
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Umuririmvyi Dogo A
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Vianney Nzigamasabo, umwe mu bagize umugwi ukunzwe cane i Bujumbura, Peace & Love
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Umuririmvyi Rally Joe, azwi cane ku karirimbo kakunzwe "Kuri Ka Kaze"
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Bidondo n'umugwi wiwe nabo bari baserutse
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Umuririmvyi Romeo Nininahazwe azwi cane mu mugwi Etoile du Centre
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'u Burundi, Gaston Sindimwo, yashikirije ijambo muri Festival Amahoro
Amahoro Festival
Insiguro y'isanamu, Umuririmvyi Cedrick Bangui