http://www.bbcgreatlakes.com

05 Ukwa gatatu, 2009 - 11:33 GMT

Amajambo y' impfunyapfunyo

Kwirikira akarorero ka Felin Gakwaya

Amajambo menshi akoreshwa mu mpunyapfunyo ntaba azwi na bose.

Ivyiza n’ ukuyasigura mu buryo bwumvikana niba afise uko avurwa mu rurimi kavukire, canke niba ukoresheje akajambo mu mpfunyapfunyo, ugashirako n’ insiguro yako.

Ntugire ubunebwe niba rinabaye rire rire, igikuru n’ uko abakumva hatagira ikibacika.

UN : Ishirahamwe mpuzamakungu
UNSC: inama nkuru y’ umutekano kw’ isi/ inama nkuru y’ ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe umutekano
UNHCR,UNICEF,WHO,WFP, n’ amashami y’ ishirahamwe mpuzamakungu ajejwe etc
IMF: Ikigega mpuzamakungu
WB: ibanki y’ isi yose.
ADB: Ibanki ya Affrika ijejw' iterambere.
ICC: Sentare mpuzamakungu mpanavyaha