05 Ukwa gatatu, 2009 - 11:19 GMT
Kwiyubara amajambo na cane cane igihe duhindura ururimi ni ngombwa kugira ntidutume ubutumwa buri mu nkuru dutanga butakaza insiguro canke butituka, na burya usanga har’ ijambo mu rurimi kanaka, rifise insiguro zitandukanye mu rurimi ushikirizamwo inkuru, kandi ari rimwe.
Ubanza rero kwihweza neza umwanya n’ igihe ryakoreshejwemwo.
Ikindi wokwirinda n’ ugukoresha ijambo rifise insiguro iter’ amadidane abakumva kubera kumbure yagutse kandi intumbero yawe ar’ ukudoma urutoke ku co wifuza gushikiriza.
E.g :
Urugero.( rate, length, weight, capacity, pourcentage, etc...)
Niba ar’ inyungu koresh’ ijambo inyungu zigera kuri 3%
Inyungu zagabanijwe gushika ku bice 3% (Interest rates have gone down to 3%)
Can/could.
A bomb blast explosion in Mosul could have killed tens of civilians:
Igisasu caturitse mu muji wa Mosul coba cahitanye abanyagihugu bagra ku mirongo / cashoboye guhitana /si cabashije guhitana.