05 Ukwa gatatu, 2009 - 11:13 GMT
Wiyubare amajambo afitaniye isano kugira ngo ntuyitiranye mw’ ikoreshwa ryayo.
Kuvuga ijambo mu kibanza c’ irindi kubera wihenze mu kurisoma bituma abkumva bajuragirika.
Gerageza ntubatere amadidane ngo behave bakomeza kwibaza ico washatse kuvuga mu gihe inkuru iriko irabasiga.
Iyubare amajambo yandikwa kumwe ariko adasangiye insiguro.
e.g: Umurwi w’ intumwa z’ ishirahamwe mpuzamakungu washitse muri Sudani mu nkoko’ (kare mu mutwezi), bitandukanye n’ inko-ko (icibo).
Inama nshingamateka: parliament
Inama nkenguzamateka: senate
Ubutaka : land plot
Agataka: minerals
Umushikirizamanza: prosecutor
Umushingwamanza: lawyer